George Clooney yafatiwe mu myiyerekano kuri Sudani

George Clooney Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption George Clooney

George Clooney yafashwe ari mu myiyerekano yebereye imbere y'ibiro vy'uhagarariye Leta zunze Ubumwe za Amerika , y'abiyamariza amabi akorerwa abanyagihugu ba Sudani.

Bavuga ko perezida Omar Al Bashir yateje akaga mu banyagihugu biwe mu kwanka ko infashanyo zishikira abazigenewe hafi y' umupaka wa Sudani y'amaj'epfo.

George Clooney yari azi ko ashobora gufatwa agapfungwa.

Imbere yo kujanwa n'abajejwe umutekano aboshe amaboko, yabwiye abanyamakuru bari bahashengereye ko ico iyo myiyerekano yifuza ar' uko ihohoterwa ry'abanyagihugu muri Sudani rihagarara.