Uburusiya bwasavye ihagarikwa ry'imirwano muri Syria

Uwakomerekejwe n'imirwano muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uwakomerekejwe n'imirwano muri Syria

Uburusiya bwasavye leta ya Syria n'abo birwana guhagarika imirwano umwanya mutoyi buri munsi kugira hakorwe ibikorwa vy'ubutabazi, ubu hakaba hamaze gupfa ibihumbi vy'abantu.

Uburusiya, igihugu cumvikana cane na leta ya Damascus, buvuga ko bushigikiye icifuzo ca Croix Rouge co gushikira inkomere n'abanyagihugu bakeneye guhungishwa.

Ivyo bimenyeshejwe nyuma y'inama yabereye i Moscow hagayi y'umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov, n'umukuru wa Croix Rouge, Jacob Kellenberger.

Mw'ijoro ryakeye umurwa mukuru wa Syria, Damascus, wabayemwo imirwano ya mbere ikomeye kuva aho imigumuko yo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Prezida Assad, itanguriye ubu haciye umwaka.