Umwimbu w'icayi wabaye mwiza mu Burundi

Icayi Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Akanovera k'icayi c'Uburundi kagihaye agaciro kw'isoko mpuzakaungu

Uyu mwaka ugize kabiri igihugu c'Uburundi kironka ikinbanza ca kabiri mu kwimbura icayi c'akanovera kurusha abandi mu makungu, aho umwimbu uyu mwaka wiyongeye 19%.

Umuyobozi ajejwe ubudandaji muro OTB Jacques Bigirimana, yabwiye BBC ko kunguka kw'icayi c'Uburundi kutavuye ku mwimbu wiyongeye gusa.

Jacques Bigirimana, avuga ko icayi c'Uburundi kiri imbere mu bifise akanovera kirukirwa kw'isoko mu makungu.

Ku kibazo c'uko ico cayio kitaboneka kw'izina ry'uburundi ku masoko yo hanze, avuga ko impamvu ar'uko Uburundi butararonka uburenganzira canke certificat yo kudandaza ico cayo kw'izina ryabwo bwite.

Iki gikorwa ariko ngo kiri mu nzira ku buryo mu kwezi kwa kane iyo certificat izoba yabonetse.