Abanyagihugu ba Mali bashigikiye igisirikare

Mali Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Imyiyerekano muri Mali

Imyiyerekano yazindutse mu murwa mukuru wa Mali Bamako, yitabiriwe n'abantu ibihumbi n' ibihumbi berekana ko bashigikiye igisirkare giherutse gukura ku butegetsi Amadou T Toure.

Abo banyagihugu bavuga amajambo yo kwiyamiriza ishirahamwe ry' ubutunzi ry' ibihugu vya Afrika y'uburengero CEDEAO, ryamaze guter'ivyatsi abo basirikare.

Iryo shirahamwe ryafashe ingingo yihuta mu nama y'ejo, yo kurungika intumwa zaryo muri Mali, ejo aho bukera.

CEDEAO ivuga kandi ko izokoresha ubutryo bwose bukenewe harimwo inguvu za gisirkare, kugirango ikureho abp basirikare bihaye ubutegetsi.