Syria isabwa gukwirikiza umugambi wa ONU

Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa gatatu, 2012 - 14:08 GMT
Abana

Abana muri Syria

Syria isabwa gushira mu ngiro bidatevye, umugambi wumvikanywe ko na ONU kumwe n'ishirahanmwe ry'ibihugu vy'abarabu, biwucishije ku ntumwa yabo idasanzwe muri Syria Kofi Annan.

Uwo mugambi uteganya ko haba umurwi ujejwe gukurikirana igikorwa co kugarukana amahoro muri Syria, no gukura ingabo za Syria mu bibanza birimwo abanyagihugu zigasubira mu makambi.

Hari kandi no korohereza igikorwa co gutwara infashanyo ku bazikeneye.

Ivyo Ban Ki Moon yabisavye inyuma y'aho umurwi utavuga rumwe na leta utangarije ko ingabo za Syria zateye mu muji wa Qalaat al-Madiq mu ntara ya Hama.

Umurwi ujejwe guikurikirana iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu muri Syria ufise icicaro hano Londres, uvuga ko imirwi yitwaje ibirwanisho yariko itangira ingabo za leta izibuza gufata umuji wose.

Uwuhagarariye umurwi ujejwe agateka ka zina muntu mw' ishirahamwe mpuzamakungu Navy Pillay, yari yavuze ko ubutegetsi bwa Syria butumbereza n' ibigirankana abana, ivyo ngo president Assad umunsi uri izina azobibazwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.