OMS irifuza icungerwa ry'urudandazwa rw'itabi

Itabi Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Ifoto yafashwe italiki 19/06/2007, y'umuntu ariko aranywa itabi

Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi ryifuza ingingo nshasha zogenga urudandzwa rw'atabi kw'isi, zotuma ibihugu bidakomeza guhomba makori.

Mur'izo ngingo harimwo gusubiramwo gutunganya gushasha uburyo bwo gutanga uburenganzira ku badandaza itabi, hamwe no gucunga mu buryo buzokoreshwa n'amakungu yose, kuva itabi riva mu mu mirima kugeza rishike ku baridandaza.

Ishirahamwe OMS rivuga ko kurwanya ubusuma mu rudabndazwa rw' itabi vyotuma ama leta garura miliyoni 40 z'ama dollars zitakaza, kandi bigatuma ateza imbere igisata c'amagara y'abantu.

Ibihugu bigera ku 20 vyanse kuja mur ivyo biganiro, harimwo US , Indonesia n' Ubu Suisse.

Izo ngingo nizamara kumvikanwa ko n'abari muri OMS, zitegerezwa kwemezwa n'ibihugu bigera ku 40 imbere yo gutangura gukwirikizwa.