Sudani y'epfo yanse gukura ingabo Heglig

Trogi Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Imodokari yaturiwe n'igsasu catewe Trogi mu ntambara yo bumanuko bwa Kordofan

Perezida Salva Kiir avuga ko agiye kurungika abasirikare mu kindi gice ca Abyei kirimwo amariba y'ibitoro batatira na Repubulika ya Sudani.

Perezida Kiir avuga ko ata ntamabra ashaka hagati yiwe na leta ya Khartoum, ariko ngo kubera Sudani y'amaj'epfo yari yatewe, ngo yabwirizwa kwirwanako.

Mugenzi we wa Repubulika ya Sudani Omar Al Bashir, avuga ko Sudani y'epfo yahisemwo inzira y'intambara ku kosho k'amahanga.

Kuva ejo Sudani yariko irategura ingabo kugirango yongere gufata Heglig, akarere karimwo ia kabiri c'umwimbu w'ibitoro vyayo.