Bubanza: Babiri biciwe mu gitero c'abitwaje ibirwanisho

Bubanza mu buraruko bushira uburengero bw'u Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu Gahuza
Image caption Bubanza mu buraruko bushira uburengero bw'u Burundi

Mu Burundi, abantu babiri baraye bishwe abandi batanu barakomerekera mu bitero bitandukanye muri komine Gihanga iri mu ntara ya Bubanza.

Abanyagihugu bo muri iyo komine bidogera abajejwe umutekano ko batatabaye mu gihe igipolisi co kivuga ko amatohozwa yamaze gutangura kugira bamenye uwakoze iryo bara.

Ubugizi bwa nabi hakoreshejwe ibirwanisho mu Burundi, buri mu bibangamiye umutekano mu gihe ibirwanisho bigikwiragiye mu gihugu ari vyinshi cane.