Sarkozy na Hollande basubiye kwiyamamaza

Abahanfanye Nicholas Sarkozy (i bubamfu) ba Francois Hollande (i buryo) Uwufise ububasha kw’isanamu AFP Getty
Image caption Abahanganye Nicholas Sarkozy (i bubamfu) na Francois Hollande (i buryo)

Mu matora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa, Nicholas Sarkozy n'uwo bahiganwa Francois Hollande basubiye kwiyamamaza nyuma y'ingunga ya mbere.

Bwana Hollande yatsinze ingunga ya mbere arusha Sarkozy amajwi makeyi cane, kandi bivugwa ko ari we ashobora gutahukana intsinzi mu ngunga ya kabiri yitezwe mu ndwi zibiri.

Abo bagabo bombi bariko baragerageza kuronka amajwi y'abatoye abandi mu ngunga ya mbere, harimwo amajwi 18 kw'ijana yaronswe n'uwitoza Marine Le Pen, afise ivyiyumviro bidashimwa n'abatari imvukira.

Bwana Sarkozy yavuze yuko azokwumviriza ibihangayikishije abashigikiye umupfasoni Le Pen, bijanye n'ikibazo c'abimukira, umutekano hamwe n'akazi.