Ibitero vy'ibisasu mu miji yo muri Nigeria

Amasanamu ataboneka neza y'ibiro vya This Day bimaze guterwa
Image caption Amasanamu ataboneka neza y'ibiro vya This Day bimaze guterwa

Ibitero vy'ibisasu vyatumbereje ibiro bikoreramwo ibinyamakuru mu miji ibiri yo muri Nigeria bihitana abantu bashika kuri 6.

Ku murwa mukuru Abuja, umuduga utezemwo igisasu wisetse ku biro vy'ikinyamakuru This Day mu ma saa sita, ico gisasu kiraturika gihitana abantu bashika batatu, kinonona ivyo biro.

Muri uwo mwanya nyene mu muji uri mu buraruko wa Kaduna, uwundi muduga wisetse ku biro bikoreramwo This Day hamwe n'ibindi binyamakuru bibiri, hapfa abandi bantu batatu.

Muri uwo muji igipolisi kivuga ko cafashe abantu batatu.

Vyibazwa ko ivyo bisasu vyatezwe n'umugwi wa ki Islam, Boko Haram, wagabishije abanyamakuru mu kwezi guheze ngo ntibaza barashikiriza nabi ivyiyumviro vyawo.