Muri Ukraine hatezwe ibisasu bine

Ukrain Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ukrain

Ivyo bisasu vyatewe mu muji wa Dnipropetrovsk urwiriyemwo amahinguriro bivurwa ko vyakomerekeje abantu 27.

Ica mbere mur'ivyo bisasu cari catezwe ku giruto c'igari ya moshi, inyuma y'igice c'isaha ikindi kiboneka hafi y'inzu ya cinema.

Ibindi bisasu 2 vyaciye bikurikira, mu yindi minota 30 nyene.

President wa Ukraine Victor Yanukovych, yavuze kw'ivyo bisasu ari ikibazo gishashakigiye gihanga leta.

Abategetsi bavuga ko bafashe ivyo bibasu ko ar' iterabwoba.

Ico gisagara ca Dnipropetrovisk kirwiriyemwo amahinguriro kandi niko umunyapolitique atavuga rumwe na leta Yulia Tymoshenko avuka.