Bahrain:Imanza za demokarasi gusubirwamo

Imyigaragambyo ya demokarasi muri Bahrain Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imyigaragambyo ya demokarasi muri Bahrain

Umuryango w'impirimbanyi ya demokarasi muri Bahrain wavuze ko icyemezo cy'uko urubanze rwe rwaciwe n'rukiko rwa gisirikare rusubirwamo n'urukiko rwa gisivili ari ntacyo bimaze.

Uwo muryango urarega ubutegesti bwa Bahrain ko burimo kwigiza igihe imbere kubera igututu cy'amahanga.

Abdul- Hadi al- Khawaja, n'izindi mpirimbanyi 20 bahamijwe icyaha n'urukiko rwa gisirikare mu mwaka ushize.

Imanza zabo zizongera ziburanishwe n'urukiko rwa gisivili.

Khadia al Moosawi, umugore wa Khawaja, yavuze ko abacamanza bo mu nkiko zisanzwe batigenga kimwe n'abo mu nkiko za gisirikare.

Umukobwa wa Bwana Khawaja yavuze ko iyo ubucamanza buba bwigenga nta mpirimbanyi n'imwe yari kuba yarakatiwe gufungwa.