Mukono, akekwa ubwincanyi bwo mu Gatumba, yiciwe muri Kongo

Abasirikare b'u Burundi mu Rukoko
Image caption Abasirikare b'u Burundi mu Rukoko

Mu Burundi haravugwa urupfu rw'umwe mu bavugwa cane mu bwicanyi bwo mu Gatumba bwahitanye abantu barenga 30 mu mwaka uheze.

Igisirikare ca Congo nico kivuga ko cishe uwo batazira Mukono yari asanzwe ahigwa mu karere nk'inkozi y'ikibi.

Ikiziga ciwe cashikirijwe igisirikare c'u Burundi.

Ubutungane bw'u Burundi bwagiriza Mukono ko ariwe yari arongoye umurwi wateye mu Gatumba.

Pierre Claver Mbonimpa arongeye ishirahawe ry’agateka ka zina muntu n’akabanyororo Aprodh, avuga ko abajejwe umutekano bari gukoresha ubuhinga bwabo bakamufata, akaza akomeye, kugira atange umuco ku bwicanyi bwo mu Gatumba kuko umushikirizamanza yavuga ko ariwe yari arongoye umurwi wateye.

Ukuri kurazimanganye

Ku bwa Pierre Claver Mbonimpa, urupfu rwa Mukono rurazimanganije ukuri ku bwicanye bwo mu Gatumba kuko ata wundi ubucamanza buzobubaza.

Ubwicanyi bwo mu Gatumba bwahitanye abantu 39 mu kwezi kw’icenda mu mwaka ushize.

Ku bantu mirongo ibiri n'umwe bagirizwa ubwo bwicanyi, indwi baciriwe umunyororo w’ubuzima bwabo bwose, batanu harimwo abapolisi babiri n’umusirikare bararekurwa.

Umwe mu bagirizwa gutegura ubwo bwicanyi Innocent Ngendakuriyo batazira Nzarabu, yagumye yerekana ko wewe yari yatumwe na bamwe mu ntwazangabo z’igipolisi c’u Burundi hamwe n’iperereza kugira ahende Mukono baze kwiba mu Gatumba bashobore kumufata.

Ariko izo ntwazangabo mu gipolisi ntizigeze zihamagazwa mu ntahe y’icese .