Itana mu mitwe mu Misiri hagati y'abiyerekana n'abajejwe umutekano

Imyiyerekano mu Misiri Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imyiyerekano mu Misiri

Habaye itana mu mitwe mu Misiri imbere y'ibiro vy'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi hagati y'abari mu myiyerekano n'abajejwe umutekano.

Abari mu myiyerekano birengagije ivyo igisirikare cababujije vyo kwegera ibiro vy'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, batera amabuye abasirikare bahasanze.

Abajejwe umutekano baciye babasubiza mu kubamijagira amazi.

Amasanamu ya television yerekanye abapolisi bafise inkinzo mu kuboko kumwe, bagatoza ukundi kuboka amabuye bakayasubiza abiyerekana.

Habaye imyiyerekano mu miji itandukanye mu Misiri, yo kwiyamiriza igitero cagabwe n'abantu bataramenyekana bateye abari mu myiyerekano kuwa gatatu.

Benshi bagiriza umugwi w'abasirikare utwara igihugu, kuba wararetse n'ibigirankana ngo ico gitero kibe.