Muri Nigeria bagiye kwigisha abagore gutwara bisi

Ama bisi mu muji wa Lagos
Image caption Ama bisi mu muji wa Lagos

Muri Nigeria batanguje umugambi wo kwigisha abagore ngo babe abadereva b'ama bisi babigize umwuga.

Uwo mugambi ugamije kwigisha gutwara bisi abagore bashika amajana abiri, bagakorera ku murwa mukuru Abuja.

Ibiro vy'igihugu muri Nigeria bijejwe akazi bifatanije n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu ca Nigeria, Patience Jonathan, nibo batanguje uwo mugambi mu ntumbero yo kuronsa abagore akazi.

Muri Nigeria, abagore batwara bisi basanzwe ari inkehwa cane.

Mu bindi bihugu vyo muri Afrika nka Senegal, Cote d'Ivoire n'u Rwanda, niho usanga bagwiriye, ariko kenshi usanga badakora mw'ijoro.