Angela Markel ku matora yo mu Bufaransa

Francois Hollande watsinze amatora mu Bufaransa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Francois Hollande watsinze amatora mu Bufaransa

Mu mu bufaransa umukuru w'igihugu yaraye atowe Francois Hollande uno munsi yabonanye n'abajenama biwe kugira ategure ibikorwa azoherako niyamara gufata amabanga y'umukuru w'igihugu.

Mu vyihutirwa harimwo gusubiramwo ingingo zo gutubika umukanda, n'ubwo ministre wa mbere w'ubudagi amaze kuvuga ko amasezerano yerekeye izo ngingo ari ntasubirwamwo.

Bimaze kumenyeshwa ko Francois Hollande azoshikirira ayo mabanga icese kw'itariki 15 uku kwezi kwa gatanu. Ejo azoba ari kumwe n'uwo agiye gusubirira azohagarikira ibirori vyo kwibuka indwano ya kabiri y'isi irangira.

Ahandi haraye habaye amatora ni mu Bugiriki naho nyene imigambwe yaronse amajwi menshi akaba ari iyiterekwa ingingo zo gutubika umukanda ziriko zirashirwa mu ngiro.

Imigambwe ibiri izishigikiye yaronse ica gatatu c'amajwi gusa, izo ngingo zikaba zari zafashwe kugira Ubugirki buronke ingurane y'ibindi bihugu.

Ministre wa mbere y'ubudagi Angela Merkel aho aboneye ayo matora ingene yagenze yavuze ko ata yindi nzira n'imwe ishoboka atari ugukurikiza izo ngingo ubugiriki bwiyemeje.