Umuhuza w'abarundi aritabariza

ibendera ry'uburundi
Image caption ibendera ry'uburundi

Mu Burundi, ibiro vy’umuhuza bimenyesha ko hari inkuru zimaze imisi zivugwa ko ashobora kugandagurwa.

Mu kiganiro n’abanyamakuru, umuvugizi w’umuhuza yavuze ko abashaka kumugandagura ari bakaruhariwe mu gusesagura itunga ry’igihugu no kurya ibiturire ariko yirinda kuvuga amazina yabo.

Umuvugizi Jerome Ndiho yanavuze ko umuhuza asaba ko hamwe vyoshika agapfa batomuhamba batabanje gupima icamwishe.

Yemeye ko umuhuza yiteguriye kuvuga ido n'ido ry'abo bantu bamugeramiye.