Ubwicanyi i Bujumbura

Ubwicanyi i Bujumbura
Image caption Ubwicanyi i Bujumbura

Mu Burundi, abantu babiri barabuze ubuzima mu mpera z’iyinga umwe muri bo arashwe ku murango izuba riva. Mu gipolisi bavuga ko umwe yazize ubugizi bwa nabi busanzwe mu gihe uwundi bariko barashaka kumwiba. Gushika ubu nta n’umwe muri abo bagizi ba nabi arafatwa.

I bujumbura, inkuru ya Cyriaque Muhawenayo

Umupfasoni Suzanne Nizigiyimana na Ndayarinze Vital, bose bagandaguriwe muri komine Ngagara mu gisagara ca Bujumbura, mu mpera z’iyinga. Uwo mupfasoni yishwe ku murango riva, bikaba vyibukije bamwe ubwicanyi bwo mu myaka ya 90, aho abantu bacirwa kw’isoko atacamira, ariko umuvugizi w’igipolisi Elias Bizindavyi avuga ko ari ubusuma busanzwe, ata sano bifitaniye.

Kuri ubwo busuma avuga ko buguma bwibonekeza, umuntu yokwibaza impamvu hadafatwa ingingo zikomeye zo gucungerera umutekano abantu n’ibintu, ariko uwo muvugizi w’igipolisi avuga ko babigira ariko ko bigoye gucunga uwugucunze, agasaba abanyagihugu gufasha muri ico gikorwa.

N’aho abakoze iryo bara bataramenyekana, igipolisi kivuga ko uwo mu pfasoni yari yubakanye n’umupolisi arongoye igisata co gutuza ubukozi bw’ikibi ata kindi yazize atari ubusuma, mu gihe uwo mugabo nawe ngo yazize ubukozi bw’ikibi gusa. Amatohozwa ngo aracabandanya.