Yemen: ikibombe gihitanye abarenga 90

Abasirikare ba Yemen bahitanwe n'ikibombe
Image caption Abasirikare ba Yemen bahitanwe n'ikibombe

Abasirikare ba Yemen bariko barategura defile. Abandi amajana n'amajana bakomeretse igihe ico kibombe caturirikira mu kibanza kiri hafi y'ikirimba c'umukuru w'igihugu ku murwa mukuru Sanaa.

Inkuru ziravuga ko uwo mwiyahuzi yari yambaye impuzu za gisirikare.

Muri Al Qaeda baravuga ko aribo bakoze ico gitero.

Muri ino minsi igisirikare ca Yemen kiriko kirarwanya cane abakorera Al-Qaeda mu bumanuko bwa Yemen.

Kibaye igitero ca mbere kinini kuva prezida Abd-Rabbuh Mansour Hadi ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa kabiri.