Misiri iri mu matora ya mbere yisanzuye

Abatonze ngo batore Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanye Misiri bazindutse gutora ari benshi

Niyo matora ya mbere y'umukuru w'igihugu abaye mu bwisanzure.

Imirongo yazindutse ari miremire cane aho abanyagihugu bashaka gutora.

Abanyamakuru ba BBC bavuga ko biriko biba mu mutekano.

Abanyagihugu barindirana ukwihangana ko bashikirwa.

Abantu 13 nibo bitoje.

Abagabo bane bafatwa nk'abaza imbere y'abandi bose n'abashira idini rya Islam imbere mu ntwaro canke abigeze kuba abashikiranganji ku ntwaro ya Hosni Mubarak yatembagajwe mu mwaka uheze.