Ukraine: Amacakubiri mw'ihiganwa Eurovision

Umuririmvyi Gaitana
Image caption Umuririmvyi Gaitana

Itorwa ry'umwigeme Gaitana, afise umuvyeyi umwe w'umunye Kongo, ngo aserukire Ukraine mw'ihiganwa ryo kuririmba Eurovision ryajemwo amacakubiri.

Mu gihe iryo higanwa ryo kuririmba ku rwego rwa Buraya ritanga akaryo ko kunezerwa ku bakunzi b'umuziki, ni nk'uko rihora rikwega ukutumvikana.

Uko niko vyagenze muri Ukraine muri uno mwaka, aho ihiganwa ryo gutora abazoja muri Erovision ryagaragayemwo amacakubiri afatiye ku rukoba.

Umugambwe ugendera ku vyiyumviro kama, Freedom Party, wifatiye mu gahanga itorwa ry'akataraboneka rya Gaitana ngo aserukire Ukraine.

Umukuru w'uwo mugambwe Yuri Syrotyuk yagize ati: "Amamiriyoni y'abantu azoba ariko araraba nimba Ukraine iserukirwa n'umuntu atari uwo mu bwoko bwacu.

"Iciyumviro c'igihugu cacu Ukraine gishinze imizi mu karere ka kure muri Afrika, kizoca kivuka".

Bwana Syrotyuk yaciye yiyamirizwa, mu kwisigura avuga yuko yashatse kwerekana ko itorwa rya Gaitana ritabaye ku mugaragaro.

Ariko ivyo yavuze vyiyamirijwe cane muri Ukraine n'imigambwe mikuru mikuru nka yose, co kimwe na barurangiranwa barimwo abakinyi b'ingumu, Vitaly na Volodymyr Klitschko.

Vyiyamirijwe kandi n'uwatsinze ihiganwa Eurovision ryo mu 2004, Ruslana.