Ibinegu ku rubanza rw'abishe Manirumva

Abamagana urubanza rwa Manirumva
Image caption Abamagana urubanza rwa Manirumva

Amashirahamwe mirongo ibiri, harimwo ayo ngaha mu Burundi n’ayo mu makungu aharanira agateka ka zina muntu yasohotse itangazo rimenyesha ko ababajwe n’ingene urubanza rw’abagandaguye Ernest Manirumva, yahora ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe rigwanya abarya igiturire Olucom, rwaciwe.

Ayo mashirahamwe yagiriza sentare kuba itatohoje bikwiye, na cane cane ku bategetsi bakomeye mu gipolisi batungwa agatoke ko boba bafise uruhara muri ubwo bwicanyi.

Ayo mashirahamwe ko ari 20, avuga ko urubanza rwaciwe rutashoboye kwerekana ukuri aho kuri, kandi ngo bikaba vyatumye abakoze ikibi baguma bidegemvya.

Aributsa ko hashinzwe imigwi itatu yose yo gutohoza aboba bishe Ernest Manirumva, mbere Uburundi buriyambaza n’amakungu mu guhamagara abahinga b’abanyamerika ba FBI, ariko ngo bagatangwa n’ingene ivyo bashikirije sentare itigeze ibikorerako kugira ukuri kuje ahabona.

Sivyo gusa, ngo ababuranira abasaba indishi barasavye incuro nyinshi ko hokumvirizwa amajwi ya Gilbert Havyarimana, yahoze ari umupolisi yemeza neza ko bamwe mu bategetsi bakomeye bo mu nzego zijejwe gucungera umutekano bagize uruhara muri ubwo bwicanyi, ariko ntivyakorwa, mu gihe vyari gutuma bamwe mu baciriwe urubanza bambikwa izera.

Ivyo vyatumye abo baburanira abasaba indishi batirwa barazisaba kubero ko ngo urubanza rutihweje neza inzira zose zari gutuma ukuri kugaragara. Ngo ni ngombwa rero ko sentare igira amatohoza ku bantu bose, ngo n’aho kuri bamwe bamwe bitoroshe.

Iryo tangazo rihuriranye n’uko ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Amnesty international ryasohoye icegeranyo aho ryerekana ingene agateka ka muntu kagiye karahungabana mu mwaka uheze.

Ico cegeranyo kiranebagura uko ubucamanza bwagiye burakora haba mu gupfungira abantu ubusa canke mu gushinga imigwi igira amatohoza ku bwicanyi itigeze yerekana ico yakoze.

Mu mwaka uheze kandi ngo abantu bashika 52 barishwe, abandi benshi barasinzikarizwa ubuzima, abari mu mashirahamwe n’imigambwe itavuga rumwe na reta na bo baraburabuzwa.

Abahagaritswe bazira ivyo baba bakoze ngo hari abapfunzwe nabi kandi kure y’imiryango yabo, abamenyeshamakuru ngo baracecekeshwa kandi ngo n’umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu udafise uburyo bukwiye bwo gukora.

Amnesty International ivuga kandi ko reta y’Uburundi ishaka guhindura amategeko yogenga umugambi w’igihugu wo kuvugisha ukuri no kunwanisha, ku buryo abakoze ivyaha bikomakomye bashobora kugirirwa ikigongwe.