La Haye iraca urubanza rw' abaKenya.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption William Ruto(imbere i bubamfu)

Sentare mpuzamakungu mpamavyaha yanse urubanza rwo kwunguruza rw'aba nye Kenya bane bagirizwa kuba barakokeje intureka zakurikiye amatora mu 2008.

Abo bantu bane bari bunguruje bavuga ko iyio sentare idashobora kubacira urubanza ku mvo z'ubuhinga.

Iyo ngingo isigura ko bashobora kuzocirirwa urubanza I La Haye ku vyaha bagirizwa boba bakoreye iciswe kiremwa muntu.

Abo ba nye Kenya bane barimwo uwahora ari icegera ca ministre wa mbere Uhuru Kenyatta n'uwahoze ari ministre William Ruto barahakana kuba baragize uruhara mu bwicanyi bwakurikiye amatora y'umukuru w'igihugu yabayemwo impari.