Annan yasubiye muri Syria

Koffi Annan and Assad Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Koffi Annan na prezida wa Syria Assad

Intumwa ya ONU muri Syria Koffi Annan yasubiye muri Syria nyuma y'ubwicanyi ahitwa Houla bwahitanye abarenga ijana ONU ikabwagiriza leta.

Annan arabonana kuri wa kabiri n'umukuru w'ico gihugu Assad.

Yavuze ko ubwo bwicanyi bwamubabaje we ubwiwe, anavuga ko urwo rugendo ruhambaye mu kaga Syria irimwo.

Abantu barenga ijana barishwe ku wa gatanu mu gisagara ca Houla, benshi muri abo bakaba bari abana.

Hatanguye kuja ahabona inkuru z'ababonye ingene vyagenze.

Inkuru ziravuga ko hari abana biciwe amazosi. Nta buryo buraboneka bwo gutohoza ibivugwa.

ONU ivuga ko bishwe bunyamaswa.

Abana benshi bari mu bishwe igihe ibiduga vy'intambara n'ibigwanisho vya rutura vyarasa akarere kabamwo abantu.

Ministre w'uburusiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov yavuze ko ubwicanyi bwabaye mu gisagara ca Houla

bwobazwa leta n'abayigwanya.

Uburusiya buri mu bihugu vya mbere bishigikiye leta ya Syria.