Charles Taylor akatiwe imyaka 50

Charles Taylor Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Charles Taylor

Charles Taylor yinjiye ibohero azomaramwo imyaka 50 ku vyaha vy'intambara kuri sentare idasanzwe ya Sierra Leone i Lahaye.

Umucamanza muri urwo rubanza yavuze ko ivyaha Taylor yakoze ari bimwe muri bibi bibaho muri kahise k'abantu.

Harimwo kugandagura, gusambanya ku nguvu, n'ugushira abantu mu buja.

Umucamanza yavuze ko kugira aronke diamand , Taylor yaha ibigwanisho akanashigikira inyeshamba muri Sierra Leone .

Mu ntambara yabaye muri ico gihugu, izo nyeshamba zarakoze amahano harimwo guca amaguru n'amaboko abo zifashe.

Zanabaga abagore bafise inda babona kugira zihinyuze impari zaba zagize ku gitsina c'umwana ari munda.

Tayor ntaho biboneka ko yerekanye ko yicuza kuri ivyo vyaha.