Mwari muzi Umwamikazi w'Ubwongereza?

Ibiherutse kuvugururwa: 30 ukwa gatanu, 2012 - 18:13 GMT

(none)

Fyonda ku tumenyetso ubone ivyerekeye Umwamikazi

  1. Kwakira abashitsi

    Ufatiye hamwe ku mwaka , Umwamikazi yakira abashitsi barenga 50.000 basangira ku mvo zitandukanye ku kirimba ca Buckingham Palace

    Yakira kandi abashitsi 8.000 ku mwaka ku mwaka muri 'garden parties' no kurahiza abategetsi Holyroodhouse, mu ndwi yahariwe Holyrood.

  2. Confiture ya Noel

    Umwamikazi amaze gutanga hafi 90.000vy'udukopo twa confiture ya Noeli (Christmas pudding)ku bakozi,aho akaba abandanya umugenzo w'Umwami George V n'Umwami George VI.

    Christmas pudding ni confiture kama y'Abongereza ikaba ari gateau nini y'ivyamwa,igaburwa ku munsi wa Noeli imaze gucishwa mu rubeya rwa congac.

  3. Amakete

    Umwamikazi amaze kwishura amakete hafi milioni zitatu n'igice

    Kandi, Umwamikazi na Duc wa Edinburgh bamaze kurungika 45.000 vy'amakarata ya Noeli muri iyi myaka 60 iheze.

  4. Igihe amaze ku ngoma

    Umwamikazi n'uwakabiri arambiye ku ngoma muri kahise k'Ubwongereza

    Abandi bami canke Abamikazi batanu bonyene nibo babaye ku ngoma imyaka 50 canke irenga.Victoria(imyaka 62), George III ( imyaka 59),Henry III (imyaka 56),Edward III (imyaka 50),hamwe na James VI wa Scotland/Ecosse ( ariwe James I w'Ubwongereza) (imyaka 58).

  5. Abami n'Abamikazi

    Umwamikazi n'umwongereza agira 40 agiye ku ngoma kuva William Umwihagizi aronse ingoma y'ubwongereza mu 1066

    Muri abo 40, batandatu gusa nibo bari Abamikazi.

  6. Umwamikazi n'Abashikiranganji ba Mbere

    Mu myaka amaze ku ngoma,Elizabeth wa Kari amaze gukorana n'Abashikiranganji ba Mbere 12

    Bari: Winston Churchill, Sir Anthony Eden,Harold Macmillan,Sir Alec Douglas-Home,Harold Wilson,Edward Health,James Callghan,Margaret Thatcher,John Major,Tony Blair,Gordon Brown n'umushikiranganji wa mbere ahari ubu David Cameron.

  7. Umwamikazi n'aba Papa ba Katolika

    Elizabeth II amaze kwakira aba Papa babiri baje kugendera Ubwongereza.

    Urugendo rwa Papa Jean Paul II mu 1982 rwabaye urwa mbere rugizwe n'umu Papa mu Bwongereza mu myaka irenga 450.Papa Benoit XVI yagize urugendo mu 2010.

  8. Telegrama

    Umwamikazi amaze kurungika telegrama 175.000 ku bantu bakwije imyaka ijana mu Bwongereza no muri Commonwealth.

    Amaze kandi kurungika hafi telegrama 540.000 ku bagabo n'abagore mu Bwongereza no muri Commonwealth igihe baba bahimbaza imyaka 60 iheze bubakanye.

  9. Ingendo

    Mu myaka 60 , Umwamikazi amaze kugira ingendo zizwi 261 mu bindi bihugu harimwo ingendo 96 nk'umukuru w'igihugu mu bihugu 116 bitandukanye.

    Ingendo z'Umwamikazi zimaze kumushikana mu bihugu vyinshi vyaba bito nk'amazinga ya Cocos yegukira Australia afise abantu 596 na binini nka Republika y'Abanyagihugu y'Ubushinwa bufise abantu milardi 1,347.

  10. Irlande

    Umwamikazi yagize urugendo rw'imbonekarimwe muri Republika ya Irlande mu kwezi kwa gatanu 2011.

    Urwo nirwo rwabaye urugendo rwa mbere rugizwe n'uwuri ku ngoma y'Ubwongereza kuva Irlande yikukira. Urugendo rwaheruka rwari rwakozwe n'Umwami George V mu 1911.

  11. Abashikiranganji ba Mbere

    Abashikiranganji ba Mbere babiri bonyene bavutse ku ngoma y'Umwamikazi.

    Tony Blair yabaye uwa mbere yavutse hasigaye ukwezi ngo yimikwe, David Cameron akaba ari uwa kabiri

  12. Royal Variety performances

    Umwamikazi amaze kwitaba Royal variety performanes 35.

    Royal Variety performances ni ikinamico igenda ihindura ikibanza iberamwo buri mwaka hano mu Bwongereza , amafaranga avuyemwo akaba ahabwa amashirahamwe y'abagiraneza.

  13. Ubwato

    Umwamikazi amaze gutanguza icese ingendo z'ubwato bushasha 21 mu myaka amaze ku ngoma

    Ubwa mbere bwabaye HMS Vanguard yatanguje akiri Umuganwakazi Elizabeth, mu 1944.Nk'Umwamikazi yatanguje HMS Yacht Britannia bumaze kugenda ibilometero birenga milioni n'igice ku ngendo z'ubwami n'iyindi mirimo izwi.

  14. Ikirimba c'i Londres

    Buckingham Palace, ikirimba c'Umwamikazi i Londres, ifise ivyumba 775.

    Ico kirimba gifise 108m z'uburebure imbere, 120 winjira na 24 z'amaduga . Uburinganire bw'ikirimba,kuva mu nzu yo mu kuzimu gushika hejuru bwokwira ahantu hangana na 77.000m²

  15. Ijambo ryo kuri Noeli kuri radio na television

    Umwamikazi amaze gushikiriza ijambo rya Noeli incuro 59 ku bihugu bigize Commonwealth buri mwaka w'ingoma yiwe kiretse mu 1969

    Mu 2002 Umwamikazi yashikirije ijambo ryiwe rya Noel rigira 50 hanyuma mu 2004 ashikiriza ijambo riri ukwaryo rigenewe Ingabo z'Ubwongereza.

  16. Umwamikazi kuri internet

    Umwamikazi yatanguje urubuga rw'icese rw'ingoma y'Ubwomgereza mu 1997

    Mu 2007 hashizwe ahabona ikibanza c'ingoma y'Ubwongereza kuri You Tube haca hakurikira @britishmonarchy kuri Twitter (2009), Flickr(2010) n'urupapuro kuri Facebook (2010)

  17. Umupira w'amaguru

    Urukino rwa mbere rw'umupira w'amaguru Umwamikazi yarorereye n'urwanyuma rw'ihiganwa ry'igikombe FA Cup co mu 1953

    Niwe muhagarikizi wa Football Association(FA), urwego rujejwe umupira w'amaguru mu Bowngereza hamwe n'amashirahamwe y'umupira w'amaguru y'ingabo zo hasi (Royal Army),izo mu kirere (Royal Air Force), n'izo mu mazi (Royal Navy).

  18. Amafaranga

    Hari inzira zine zivamwo amafaranga Umwamikazi akoresha n'ayabakorera Umwamikazi nk'umukuru w'igihugu

    N'ubu:Civil List hava amafaranga y'ivyo Umwamikazi akora nk'umukuru w'igihugu n'umukuru wa Commonwealth;Grant-in-Aid yo gufata neza ibirimba vy'ubwami;Grant-in- Aid ku ngendo z'ubwami,ku ngendo z'indege n'izi tereni zijanye n'imirimo y'igihugu hamwe na Privy Purse,amafaranga umwamikazi akoresha mu bimwerekeye ubwiwe.

  19. Gutwara umuduga

    Umwamikazi yatanguye gutwara umuduga mu kwezi kwa kane 1945 igihe yaba nomero 230873 Second Subaltern Elizabeth Alexanmdra Mary Windsor mu gisata co gutwara abantu n'ibintu mu kigo co kwigisha ugutwara abantu n'ibintu n'ugukora imiduga ca Camberley.

    Niwe muntu wa mbere w'igitsinagore wo mu muryango w'ubwami yabaye umusirikare mu bikorwa vya minsi yose. Afise ipete rya Colonel-en-Chef muri regiments zitari nke zo mu Bwongereza no muri Commonwealth.

  20. Guhimbaza umunsi yavuka

    Umwamikazi afise iminsi ibiri y'amavuko:umunsi wiwe w'ukuri itariki 21 ukwezi kwa kane,ariko umunsi w'icese ahimbarizako aho yavuka uba mu kwezi kwa gatandatu.

    Umunsi wiwe w'ukuri w'ivuka awuhimbaza mw'ibanga.Umunsi w'icese w'ivuka nta tariki kanuni ufise: ni ku munsi wa gatandatu wa mbere, wa kabiri canke wa gatatu w'ukwezi kwa gatandatu, ukaba ushingwa na leta.

  21. Imbwa

    Umwamikazi amaze gutunga imbwa 30 z'ubwoko bwa corgis mu kiringo amaze ku ngoma, ahereye kuri Susan yahawe umunsi yahimbaza imyaka 18 y'ivuka.

    Yaranazanye ubundi bwoko bw'imbwa bwitwa ''dorgi'' igihe imwe muri corgis ziwe ibwaguriwe n'iyo mu bwoko bwa dachshund

  22. Kwubaka

    Umwamikazi na Duc wa Edinburgh bamaze imyaka 64 bubakanye

    Bahimbaje imyaka 50 bamaze bubatse itariki 20 ukwezi kwa 11 mu 2007

  23. Impeta y'ubugeni

    Impeta y'ubugeni bw'Umwamikazi yari ikozwe mu nzahabu zo muri Wales zavuye aho bimba amabuye y'agaciro hitwa Clogau St David hafi ya Dolellau

    Gateau y'ubugeni yakozwe na McVitie na Price Ltd,hakoreshejwe ibirungo vyatanzwe nk'akaganuke k'ubugeni n'abakobwa b'aba Guides bo muri Australia.

  24. Kwemerwa i bwami

    Impapuro z'ukwemerwa i bwami zihabwa abantu canke ama kompanyi baba/aba ba/yagumye ba/ashorera ibintu canke ibindi vya nkenerwa Umwamikazi, Duc wa Edinburg canke Umuganwa wa Wales mu kiringo kitari munsi y'imyaka itanu ikurikirana

    Izo mpapuro ziha komanyi gukoresha icivuga''By Appointment'' hanyuma ku bidandazwa vyayo igashirako igicapo c'ikimenyetso c'ubwami.

  25. Ifarasi

    Umwamikazi afise ifarasi zishobora kuba zishika 25 ziba zitegurwa buri mwaka akaba amaze guhagararira amahiganwa akomakomeye atari make mu myaka 50 iheze

    Isiganwa ry'iamafarasi rimaze imyaka myinshi cane ar'umwe mu mikino ikundwa cane n'abo mu muryanmgo w'ubwami.Amabara yo gusiganwa y'Umwamikazi n'umutumba usa n'ishurwe ry'iconge n'igitsibo c'inzahabu,amaboko y'ibara ry'agahama rikeye cane n'gakofero ka velour yirabura ifise ubuyomga bw'inzahabu bumanuka mu ruhanga.

  26. Amashirahamwe y'abagiraneza

    Umwamikazi ahagarikiye amashirahamwe y'abagiraneza arenga 600

    Amajana ane muri ayo ayahagarikiye kuva mu 1952

  27. Guhimbaza imyaka 50

    Mu myaka amaze ku ngoma, abakuru b'ibihugu bamaze guhimbaza isabukuru ya Diamand y'ubutegetsi kw'isi ni batatu gusa.

    Umwami Bhumibol Adulyadej wo muri Thailande mu 2006;uwahoze ari Sultan wa Johor(ubu iri ku gihugu ca Malaisie) mu 1955;hamwe n'umuhisi Umwami w'Abami Hirohito w'Ubuyapani mu 1986. Umwamikazi Victoria niwe yaheruka akaba ari nawe nyene ingoma w'umwongereza yahimbaje imyaka 50, mu 1897

  28. Ikirimba

    Ikirimba ca Buckingham nivyo biro vy'umukuru w'igihugu, hakaba ari naho Umwamikazi aba.

    Ubu hari hari abakozi barenga 800 ku kirimba ca Buckingham.Ubuzi bwabo buva ku bakozi bo mu nzu gushika ku barima amashurwe n'abaraba amakete.Bumwe mu buzi budasanzwe burimwo abajejwe urubumbiro rw'icuma imbere y'iziko ry'icoto, abajejwe ya masaha manini cane yo ku mpome canke ku minara hamwe n'abajejwe amabendera

  29. Imidari n'udushimwe

    Kuva mu 1952, umwamikazi amaze gutanga 404.500 vy'imidari n'udushimwe

    Ubwongereza buha udushimwe abantu bakoze canke bamaze kuruta abandi canke berekanye ubutwari

  30. Akabirya: Gushushanywa

    Umwamikazi amaze kwicara incuro 129 kugira bamushushanye

    Umwamikazi yaricaye kugira bamufate ishusho yerekana umuntu nk'uko ari (mu gifaransa canke mu congereza bita 3 dimensions) aho hari mu 2003 hanyuma akaba yari afise imyaka indwi gusa igihe bamushushanya ubwa mbere akiri umuganwakazi. Bimwe muri ivyo bishushanyo bihora vyerekanwa mw'ihayanishwa ridasanzwe mu kigo ca Londres co gushushanya.

Isabukuru ya Diamand y'Umwamikazi Elizabeth II

Elizabeth wa Kabiri yavukiye Londres itariki 21 Ndamukiza/Mata,1926.Yaza ubwa gatatu ku rutonde rw'abari kuja ku ngoma,gushika aho hari ivyabaye bitari vyitezwe vyatumye aba Umwamikazi afise imyaka 25.

Kuva ashitse ku ngoma, mu kwezi kwa kabiri 1952, ingene umuryango w'i Bwami ubaho bitangarirwa n'abantu b'isi nzima. Fyonda ku kamenyetso akariko kose aho hejuru ubone bimwe mu bitangaje ndetse umenye n'ibindi vyinshi ku Mwamikazi, ubuzima bwiwe n'imyaka 60 amaze ku ngoma

(none)

Aho vyavuye: Urubuga rwa Internet rw'Ubwami n'urubuga rwa internet rwa Jubilee ya Diamand y'Umwamikazi (ibirimwo vyari uko 01/01/2012).

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.