Clinton aragabisha Uburusiya kuri Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amarira ni menshi muri Syria

Ministre wa Amerika ajejwe imigenderanire Hilary Clinton yagabishije Uburusiya avuga ko bufasha kugira intambara ibandanye muri Syria.

Madame Clinton yavuze ko leta ya prezida Assad ishobora kwumviririza Uburusiya arico gituma yasavye Uburusiya guheba ingendo yabwo yo kwanka ko amakungu agira ico akoze muri Syria ahubwo bugakara kurusha.

Uburusiya burashigikiye umugambi w'amahoro w'intumwa mpuzamakungu muri Syria Kofi Annan ariko bumaze kwanka kwemeza ingingo zibiri z'inama ya ONU ijejwe umutekano. Muri izo harimwo iyisaba prezida Assad kuva ku butegegetsi.