Inzira nsha za NATO mu kuva muri Afghanistan

Image caption Anders Fogh Rasmussen

NATO yemeranije n'ibihugu vya azakhstan, Uzbekistan na Kyrgyzstan gucisha imodoakri zayo n'ibindi bikoresho biva Afghanistan mur'ivyo bihugu.

Uwo mwumvikano wamenyeshejwe n'umunyamabanga mukuru wa NATO Anders Fogh Rasmussen.

Pakistan yafashe ingingo yo kuzibirira amayira imodokari za NATO mu kiringo c'amezi atandatu.

Ico kibazo kiri mu biza gutwara umwanya munini mu biganiro hagati ya NATO n' ibi bihugu vya Asia yo hagati.

Hagat'aho indege za Leta zunze ubumwe za Amerika zongeye kugaba ibitero mu karere ka Pakistan kiganjemwo ubwoko bumwe.

Ivyo bitero vy'indege za Amerika bikomeje gutuma abantu muri Pakistan banka Amerika.