Infashanyo yahawe Somalia yaranyurujwe

Inama kuri Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Inama kuri Somalia ibera Istanbul muri Turkey

Icegeranyo c'ibanki y'isi yose cerekana ko mu myaka ya 2009 na 2010, ata nsobanuro zikwiye zatanzwe n'igihugu ca Somalia kw'ikoreshwa ry'infashanyo igera kuri miliyoni 130 z'ama dollars.

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubwongereza William Hague, yabwiye BBC ko hakwiye gushingwa mumaguru masha umurwi wo gukurikirana ikoreshwa ry'infashanyo ihabwa Somalia.

Ivyo bimenyeshejwe mu gihe leta ya Somalia iriko iravugana n'abaserukira ibihugu birenga 50 Istanbul ku murwa mukuru wa Turkey, kugira barondere izindi nfashanyo z'inyuma y'ikiringo nfatakibanza kigiye kurangira.