Uburussiya bwemera ko Syria ikeneye umuti wa politike.

Syria bodies
Image caption Syria ibiziga vy'abiciwe Houla

Uburussiya, igihugu kiri mu bisigaye bicuditse na Syria, gikomeza guhimirizwa gushigikira ingingo zifatwa n'ishirahamwe mpuzamakungu.

Ariko leta ya Moscow yaraburijemwo icifuzo c'inama y'umutekano kw'isi co kwanka ko Syria ikoresha inguvu mu guhasha abiyamiriza leta.

Mu nama iriko ibera muri Turkey, umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubwongereza William Hague, ariko arabonana n'abarwanya leta ya Syria.

Ubwongereza buriko bugerageza gukorana n'ibihugu vya Bulaya ngo bakomeze ibihano kuri Syria inyuma y'ubwicanyi bwakorewe mu muji wa Houla.