Burundi:Ni nde yobazwa Jean Petit Nduwimana?

Burundi
Image caption Burundi

Ishirahamwe riharanarira kubahiriza agateka ka zina muntu APRODH, ryemeza ko ryagerageje gukwirikirana ikibazo ca Jean Petit Nduwimana, bigitangura kuvurwa ko yafatiwe muri Congo.

Uyu mugabo yahoze akorera ibiro bijejwe iperereza ngo yoba yari yahunze mu mwaka wa 2008, inyuma y'amatati hagati ya CNDD-FDD na UPD zigamibanga.

Umukuru wa APRODH Pierre Claver Mbonimpa, ngo yamenyeko igisirikare ca Congo camufashe mu ntango z'ukwezi kwa gatanu, kikamushikiriza urongoye akarere ka mbere ka gisirikare mu Burundi, afise ibiro mw'ikambi ya kamenge DCA.

Mu nyuma yahavuye aja kumuraba mw'ikambi ya Bururi aho vyavurwa ko yajanywe gupfungwa, ariko ngo ntawe yahasanze.

Umukuru wa APRODH aremeza ko hari umuntu wo mu nzego zikomeye yamurahiye ko bitagishoboka ko atora Jean Petit nduwimana, bitagishoboka.

Ivyo vyatumye Pierer Claver Mbonimpa yikeka ko yoba yarishwe, atangura kubaza, ariko nta n'umwe yemera ko azi irengero ryiwe, canke yamubonye.

Umuvugizi w;igisirikare c'Uburundi mu kiganiro yahaye BBC, yahakanye ko Jean Petit nduwimana atari mu baronderwa n' igisiirkare, atazi ko yoba ryarashikirijwe igisirikare, agasaba icemezo.

Ku kibazo c'uko Pierer Claver Mbonimpa yoba abesha, Colonel Gaspard Baratuza we avuga ko yubaha ivyo umukuru wa APRODH yavuze, ariko agasaba ivyemezo.