Syria:intumwa za ONU zabujijwe kuja Qubeir

Syria , Hama
Image caption Syria Hama

Indorerezi za ONU zabujijwe gukandagira mu kirwati ca Qubeir, aho izo ntumwa zashaka kwishikira kuraba ubwicanyi buherutse kuhabera.

Mw'itangazo yasohoye, general Robert Mood ayoboye izo ntumwa yavuze ko zarungitswe Qubeir kuraba ibivurwa kur' ubwo bwicanyi, ariko igisirikare ca Syria kirazihagarika, ndetse bamwe babasubiza inyuma.

Yavuze kandi ko n'abanyagihgu basanzwe nabo bahagaritse izo ntumwa za ONu bazibwira ko umutekano wazo ushobora kubangamirwa.

Mu kiganiro yahaye BBC, umuvugizi w'izo ntumwa za ONU Sausan Ghasheh, yavuze ko zaburiwe n'abanyagihugu ngo ntizijeyo, ariko n'ubwo hari ingorane ngo zizokomeza kugerageza uburyo zohashika.