I Mgadishu ubu ushobora kumesuza

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abanyesomalia barungika impuzu kumeswa muri Kenya

Abashaka kumesuza amokoti yabo bahora babanza kuyarungika muri Kenya.

Mohamed yatanguje iyo nzu afise imyaka 24.

Amesa impuzui z'aba kiriya akongera akazibasanza i muhira.

Ibikoresho yabiguze i Dubai, muri Amerika no mu Butaliano.Abantu ngo ntibatahura iyo babonye igicapo co kwimenyekanisha. No kuronka abakozi ntivyoroshe.

Ari mu bagarutse muri Somalia kuva aho muri ino minsi kuva aho ingabo za Africa zagiye gufasha leta kugarukana amahoro zigaruriye ibice bitari bike vya Mogadishu bizikura mu minwe ya Al Shabaab.

Ariko n'ubu Mohamed afise abamucungera yahawe na leta kuko umutekano ukwiye utaragaruka.