Abagenduzi ba ONU bashitse Qubeir

Ban Ki Moon na Koffi Annan Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ban Ki Moon na Koffi Annan

Abo bagenduzi barashwe hafi ya Qubeir ku wa kane bashitse bari mu miduga bavuye Damas.

Imbere y'aho umunyamabagna mukuru wa ONU Ban Ki Moon yari yateye ivyatsi ubwo bwicanyi anagabisha ko bishoboka kandi biri hafi ko intambara ikwira igihugu cose muri Syria.

Abagwanya leta bavuga ko imigwi ishigikiye leta yishe abantu 78 muri Qubeir.Ariko leta ivugab ko ari abakora iterabwoba babikoze.

Television ya Syria yavuze ko habaye ubwicanyi bw'ikivungha ariko imenyesha ko hapfuye abantu icenda gusa.

Uumnyamabanga mukuru wa ONU ari kumwe n'intumwa ya Syria Koffi Annan kuri uyu wa kane bari mu nama ya ONU ijejwe umutekano kuvuga ico kibazo ca Syria aho Ban Ki Moon yavuze ko amazi yarenze inkombe.

''Tuzobutera ivyatsi kangahe, tuzoca mu nzira zingahe kugira tuvuge ko twashegeshwe? Amaraso y'abanyesyria ariko araseseka''.

Leta zunze ubumwe za Amerika zivuga ko prezida wa Syria Assad akwiye gutanga ubutegetsi mbere agaca ava muri ico gihugu.

Ariko Uburusiya n'Ubushinwa ntibwemera ko hagira ingabo mpuzamakungu zirungikwa muri Syria.