Ingabo za leta ya Syria zongeye kurasa Homs

Uwufise ububasha kw’isanamu 1
Image caption Homs

Ibisasu bifumbisha inkingi z'imyotsi nivyo biriko biraterwa mu muji wa Homs n'abasirikare ba leta ya Syria, babanza kuhakizura bakoresheje indege zitagira umudereva.

Intumwa z'ishirahamwe mpuzamakungu zagiye kugenzura uko ibintu vyifashe muri Homs, ntizenerewe gushika ahabereye ivyo bitero.

Intumwa ya Onu n'ibihugu vy'abarabu Kofi Annan, yavuze ko atewe umwitwarariko cane n'ibibera muri Homs kavuga ko imiduga y'intambara n'indege zagavye ibitero mu muji wa Al-Haffa.