Congo irega Urwanda gufasha abayirwanya

Uwufise ububasha kw’isanamu n
Image caption Rwanda

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru akaba n'umuvugizi wa leta ya Congo Lambert Mende yemeza ko abarwanyi bari hagati ya 200 na 300 bigishirijwe bagaherezwa ibirwanisho mu Rwanda, bagiye gufasha Ntaganda na M23.

Bwana Mende avuga ko habaye amapererza abiri yakozwe na leta ya Congo, rimwe mur'ayo yashikirije ivyavuyemwo igihe leta yagendera Goma, Bunagana, Gicanga, Rutchuru,na BUkavu

Ngo hari irindi perereza mu ntumbero yo gutohozwa ivyari vyavuzwe, Congo yakoreye hamwe n'Urwanda bisunze ivyo basezeranye kuva mu myaka itatu ishize, umurwi ubijejwe ukaba ugiye kurangiza vuba no gushikiriza ivyavuyemwo.

Lambert Mende avuga ko ari ibikjorwa bibiri bitandukanye, kandi imigenderanire ibandanya hagati y'ivyo bihugu.

Leta ya Congo ngo yifuza umuco ku bijanye n'iki gikorwa co gufasha bayirwanya, ivuga ko cabereye kubutaka bw'Urwanda n'ubwo ngo itemeza ko cakozwe n'ubutegetsi bw'igihugu.

Umushikiranganji w'imigenderanire y'Urwanda n'amakungu akaba n' umuvugizi wa leta Louise Mushikiwabo, arahakana ashimitse ibirego vya leta ya Congo.

Avuga ko kubona Congo yaduka igatunga agtoki Urwanda kandi bariko barakorana mu murwi rusangi wogutohoza ibintu vyose bijanye no guhungabanya umutekano, bitangaje kandi bibabaje, kandi bibangamira igikorwa bariko barakorana.

Ku kibazo c uko atari ubwa mbere Urwanda ruvurwa ku ruhara kuvogera igihugu ca Congo, Mushikiwabo yishura ko ivyabaye ari akahise kandi bidakeneye gutohozwa, Urwanda rwateye Congo kandi rukavyemanga ariko vyarenganye bumvikanye.