Odinga arasaba uburayi inkunga

Raila Odinga Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Raila Odinga

Umushikiranganji wa mbere wa Kenya Raila Odinga yasabye ingabo z'umuryango w'ubumwe bw'uburayi zirwanya abashimuta amato ko babafasha gufata icyambu cya Kismayo cyabaye indiri ikomeye y'umutwe wa Al Shabaab.

Bwana Odinga yavuze ko ikigambiriwe aruko ingabo z'umuryango w'ubumwe bw'Afrika zirimo abasirikare ba Kenya barenga ibihumbi 4, arizo zagera i Kismayo mbere y'ukwezi kwa 8.

Umuvugizi w'izo ngabo z'umuryango w'ubumwe bw'ibihugu by'uburayi ariko yabwiye BBC ko badashobora gutanga iyo mfashanyo ngo kuko gufata Kismayo byaba birerenze uburenganzira bahawe.

Vuba aha ariko izo ngabo ziherutse guhabwa ubundi bubasha bwo gukurikirana abashimuta amato kugera ku butaka.