Burundi: Abavyaranye n'abasirikare bahagarariye amahoro bafise ibibazo

Abasirikare ba Africa y'epfo Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Abasirikare ba Africa y'epfo

Abapfasoni b’Abarundikazi bavyaranye n’inteko zaje gucungera umutekano mu Burudi ubu bafise ingorane zo kumenya ba se b'abana.

Abo bakenyezi bavyaranye n’abasirikare bava muri Afrika y'epfo, bari baje mu gikorwa co guhagararira amahoro, bavuga ko ataco batagize ngo barondeze ba se b’abana babo ariko ngo vyananiranye.

Ubu rero bafise intimba yo kubona abana babo badashobora kumenya ba se.

Abo bapfasoni bavuganye n'umunyamakuru wa BBC, Judith Basutama, bose bararira bibutse ingene bahenzwe n’abo bari barakundanye.

Umwe muri abo bapfasoni tutashimye kuvuga izina, avuga ko uwo bavyaranye yamusigiye umwana ubu afise imyaka itandatu, ngo ariko akwije ibiri yaciye ahagarika kumufasha.

Uwundi mupfasoni wewe barabana n’umusoda w’ipete rya major, kuko yari yaramukoye, ariko yamusigaranye umwana ubu afise imyaka indwi.

Uwo mwana, yaranditswe mu gitabo ndangamuntu c’u Burundi ko ari umunye Afrika y'epfo kuko se yamwemeje, ariko kuva afise umwaka umwe ntarasubira kumukubita ijisho.

"Bibazwe ubushikiranganji bwo kwivuna abansi"

Mu biro vy’uwuserukira Afrika y'epfo bavuga ko ico kibazo cobazwa ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Abakenyezi babituye barondeza ba se b’abana, bavuga ko gushika ubu ataco babafashije.

Naho abo bakenyezi bataritura amashirahamwe ajejwe agateka k’abakenyezi, ngo bagiye kuraba ico bokora kugira abo bana basubizwe agateka kabo.

Turetse abasirikare ba Afrika y’epfo, u Burundi bwarakiriye n’izindi nteko ziva mu bindi bihugu nka Ethiopiya, Mozambike, Kenya, Nepal, Jordania na Pakistani, ariko abanye Afirika y'epfo nibo bahabaye umwanya munini kuko baje mu mwaka wa 2001 bataha ubwa nyuma mu mwaka 2009.