Misiri: Sentare y'ibwirizwa shingiro isaba ko inama nshingamateka iseswa

Abanye Misiri biyamiriza ivyavuye mu matora ya mbere Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abanye Misiri biyamiriza ivyavuye mu matora ya mbere

Sentare y'ibwirizwa shingiro mu Misiri yafashe ingingo y'uko inama nshingamateka igomba guseswa hagatunganywa ayandi matora.

Iyo sentare yavuze yuko uburyo ayo matora yatunganijwe mu mwaka uheze, butanye kubiri n'ibwirizwa shingiro.

Umunyamakuru wa BBC ari i Cairo yavuze ko ari amakuba ku mugambwe Muslim Brotherhoo, wari watsindiye nyinshi mu ntebe muri ayo matora ubu ukaba ushobora kuzitakaza mu matora asubiwemwo.

Umwe mu bakuru ba Brotherhood yavuze yuko ata numwe afise ububasha bwo gufuta inama nshingamateka.

Iyo sentare kandi yakuyeko itegeko ryobujije Ahmed Shafiq, yahoze ari umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya Prezida Hosni Mubarak, kwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu mpera z'ino ndwi.

Yavuze ko iyo ngingo ya sentare y'ibwirizwa shingiro igiye mu mateka.