Gen Kayumba yabandanije gutanga ubuhamya

Gen Kayumba Nyamwasa
Image caption Gen Kayumba Nyamwasa

I Johanesbourg muri Afrika y'Epfo hakomeje urubanza rw'abantu batandatu bakekwa kuba baragerageje kwica Generali Kayumba Nyamwasa mu mwaka wa 2010.

Uyu munsi wagira kabiri sentare yumva ubuhamya bwa Generali Kayumba Nyamwasa ubwiwe.

Umucamanza yamubajije kuvuga ivyo yoba yibuka vyose igihe bamurasa, aho yari azananye n'ingeme bamurashe bamushikiriye.

Umunyamakuru Abdallah Nzabonimpa akurikiramna urwo rubanza avuga ko Nyamwasa yabikoze mbere ngo bimwe bikanatwenze abantu bari buzuye sentare.

Kayumba yerekanye uwamurashe mbere amukora ku rutugu nk'uko umucamanza yari abimusavye.

Uwo mugabo akaba azwi ku mazina atandukanye ariko harimwo Emedi Denengo w'umunye Tanzania.

Umushikirizamanza yabajije Kayumba ingene ashobora kuba yibuka uwo muntu, ko yari asanzwe amuzi canke ko bamushiiriye amafoto.

Nawe avuga ko naho yoba ahumirije aguma abona iyo foto.

Nyamwasa ntiyahejeje gushikiriza ubuhamya bwiwe, azobandanya mu ntahe ikurikira izoba itariki cumi ukwezi kw'indwi.

Muri ico gihe Kayumba azoba ariko irisuzumisha kwa muganga kuko gushika n'ubu urasu yarashwe rutaramuvamwo.

Generali Kayumba Nyamwasa yigeze kuba umukuru w'ingabo z'urwanda anahagararira icyo gihugu mu Buhinde ubu akaba aba mu buhingiro muri Afrika yepfo.