Misiri:isinzi ry'abantu basubiye Tahrir

Tahrir
Image caption Tahrir huzuye abantu

Mu Misiri mu gihe imitwe ishushe mu kurindira ko hamenyekana ivyavuye mu matora, inama y'abasirikare irongoye igihugu yasohoye itangazo isaba impande zompi kwemera ibizova mu matora.

Iryo tangazo ryasohotse mu gihe abantu ibihumbi n'ibihumbi bashigikiye umugamwe b'aba Freres Musulmans (Muslim Brotherhoods) bateraniye mu kibanza ca Tahrir hagati mu murwa mukuru Cairo nyuma y'amasengesho yo ku wa gatanu.

Ibiharuro vya mbere vyerekana ko uwitoje kw'izina ry'uwo mugambwe Mohamed Morsi yatsinze ariko uwo bahiganwa uwigeze kuba ministre wa mbere Ahmed Shafiq ntavyemera.

Mw'itangazo risa n'irigabisha Freres Musulamans, inama nkuru ya gisirikare irongoye igihugu yavuze ko gutangaza hakiri kare ivyavuye mu matora vyatumye imitwe ishuha.