Clinton afise icizere ku kibazo ca Syria

Hillary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hillary Clinton

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Hillary Clinton, avuga ko afise icizere c'uko inama mpuzamakungu kuri Syria izoba kuwa Mungu izoshika ku kintu.

Umupfasoni Clinton avuga ko iyo nama yahamagajwe n'intumwa mpuzamakungu, Kofi Annan, ishobora gutera intambwe ibona impande zose nizemera ibishikirizwa na bwana Annan.

Iyo nama izobera i Geneve vyitezwe ko yitabwa n'ibihugu vyose bitanu ntayegayezwa mu mugwi w'umutekano wa ONU, harimwo Uburusiya n'Ubushinwa.

Kare, abakorera itohoza ONU ku bijanye n'agateka ka zina muntu, bavuze yuko ibintu muri Syria vyabaye nabi cane, ibitero bifatiye ku macakubiri y'amadini biriyongera.