ONU: U Rwanda rufasha umugwi w'abarwanyi muri Kongo

Imirwano muri Kongo Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Imirwano muri Kongo

Icegeranyo c'akanama k'umuryango mpuzamakungu ONU kajejwe umutekano kivuga ko hari ibimenyetso bigaragaza ko u Rwanda rufasha umugwi w'abarwanyi muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Muri ico cegeranyo bivugwa ko intwazangabo z'igisirikare c'u Rwanda zahaye abo barwanyi ibirwanisho zinabaronsa abasirikare bashasha.

Uwo mugwi w'abarwanyi uri mu buseruko bwa Kongo uzwi kw'izina rya M23, urongowe na Gen Bosco Ntaganda, yiyonkoye ku gisirikare ca Kongo.

U Rwanda rurahakana ivyo vyagiriji, rukavuga ko rwahamagariye abo barwanyi gukorana na leta ya Kongo mu gotorera umuti ibibazo bafise.