Sudan y'Epfo:intambara ikomezwa n'ibigwanisho biva hanze

Inyeshamba muri Sudan y'Epfo Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Sudan y'Epfo irangwamwo imigwi myinshi y'inyeshamba

Ibigwanisho biva muri China, Ukraine na Sudan bikomeza intambara muri Sudan y'Epfo nk'uko bivugwa na Amnesty International.

Intambara ku rubibe na Sudan yatumye abantu benshi bata izabo.

Amnesty ivuga ko ibigwanisho vyinjira biwimwo ibiva murio Sudan, ibisasu bitegwa mu kuzimu biva muri China hamwe n'ibiduga vy'indwano vyo muri Ukraine.

Nta gihugu na kimwe kiragira ico kivuze kuri ico cegeranyo.

Amnesty ivuga ko ivyo biduga vyo muri Ukraine vyahawe Sudan y'epfo mu kinyegero hagati ya 2007 na 2009 biciye muri Kenya mu vyari bitegekanijwe gutangwa biva muri Ukraine , Ubudagi hamwe hamwe n'ubwongereza. .

''Ivyo bigwanisho vyatanzwe birenga ku masezerao yo 2005 hagati ya Sudan na SPLM umugambwe uri ku butetegsti mu Sudan y'Epfo n'ingingo za bulaya zabuza guha ibigwanisho Sudan, ico gihe zikana zaranaraba Sudan y'Epfo'', nk'uko bivugwa na Amnestey.

Umunyamakuru wa BBC James Copnall ari Khartoum avuga ko ico cegeranyo gishobora gutera impari n'ubwo hari urundi rwego narwo rwatoye ibisa n'ivyo ku bijanye n'ahazanana ibigwanisho vyinjira muri Sudan y'Epfo.