Imyiyerekano ya Demokrasi i Hong Kong

Imyiyerekano i Hong Kong
Image caption Imyiyerekano i Hong Kong

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bitabiriye imyiyerekano yo gusaba demokrasi i Hong Kong nyuma y'aho iyo ntara, ironkeye umukuru mushasha.

Iyo ntara yahora ikoronijwe n'Ubwongereza, yahawe umukuru mushasha nyuma yo kwizihiza imyaka 15 iheze isubijwe Ubushinwa.

Umukuru mushasha CY Leung yemeye kuzokingira uburenganzira bwa muntu.

Ariko abari mu myiyerekano basavye demokrasi ikwiye hamwe no gukurako ubudasa bugenda buriyongera hagati y'abakize n'abakenye.

Umwe mu biyerekana yavuze ko Hong Kong igenda irasamburwa n'umugambwe uri ku butegetsi mu Bushinwa, Chinese Communist Party.

Kare umukuru w'Ubushinwa, Hu Jintao, yavuze ko Hong Kong yafashije bimwe biboneka kugira ibintu bihinduke mu Bushinwa.