Uwahora atwara Barclays yisiguye

Uwahoze atwara Barclays, Bob Diamond Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uwahoze atwara Barclays, Bob Diamond

Uwahoze atwara ibanki yo mu Bwongereza Barclays, yiriwe arisigura imbere y'umugwi w'inama nshingamateka.

Yabariye abashingamateka bagira itohoza ku kamaramaza ko guhinyika inyungu ku nguzanyo, ko ababikoze bagomba kubihanirwa.

Ariko Bob Diamond, yariko atanga ubuhamya imbere y'uwo mugwi w'inama nshingamateka nyuma y'umunsi umwe atanze imihoho kubera ayo makosa, yavuze ko Barclays yakoze ivyo kuko ayandi mabanki nayo yariko arabikora.

Barclays yahawe igihano co kuriha ihadabu rinini cane, kubera guhinyika inyungu ku nguzanyo hagati y'amabanki.