Daniel Sturridge yizeye gukina Olympic

Daniel Sturridge Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Daniel Sturridge

Umukinyi w'imbere wa Chelsea, Daniel Sturridge, yizeye gukina mu nkino za Olympic 2012 naho aheruka kuvugwa indwara ya mugiga iterwa n'umugera.

Uwo mukinyi w'imyaka 22 yafashwe mu mpera z'indwi, ariko kuwa mbere yashizwe mu murwi uzokiniria Ubwongereza muri Olympic.

Umuntu ashobora gukira neza mugiga iterwa n'umugera mu ndwi imwe, kuko mu bisanzwe idakaze cane.

Sturridge yagize ati: "Ubu ndatanguye kworoherwa, kandi ndizera ko nzoshobora gukina muri Olympic.

"Mfise amahirwe kuko naronse ubutumwa bwinshi bw'abanyifuriza neza, kandi nshaka gushimira abo bose bandungikiye ubutumwa."

Umugwi w'Ubwongereza w'umupira w'amaguru uzokina urukino rwawo rwa mbere mu nkino za Olympic itariki 26 z'ukw'indwi.