Andy Murray: Umwongereza wa mbere kuva 1938

Andy Murray
Image caption Nta Mwongereza yari bwashike mu rukino rwa nyuma kuva mu 1938

Andy Murray ahejeje kuba umwongereza wa mbere ashitse mu rukino rwa nyuma rwa tennis rw'umukinyi umwe ku wundi mw'ihiganwa rya Wimbledon kuva mu mwaka w'1938.

Yatsinze umukinyi w'umufaransa Jo-Wilfred Tsonga mu ma seti ane , akazohura na Roger Federer mu rukino rwa nyuma ku wa mungu. Federer amaze gutsinda bene iryo higamwa incuro zitandatu yatsinze Novak Djokovic wo muri Serbia mu rundi rukino rushira urwa nyuma.

Nta Mwongereza aratsindira iryo higamnwa mu gihugu cabo inyuma ya Fred Pery mu 1936.

Bunny Austin yarashitse mu rukino rwa nyuma mu mwaka wakurikiye ariko aca atsindwa ama seti akurikirana n'umunyamerika Don Budge.