Benghazi hari icuka kibi

uwatoye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abahoze bagwanya Kadafi Benghazi basaba abanyagihugu kutitaba amatora yo kuri uyu wa gatandatu

Mu gihe buca haba amatora y'abashingamateka muri Libya kuri uyu wa gatandatu, aya mbere kuva Kadafi atembagajwe ku butetegetsi, abantu bitwaje inkoho barashe ku wa gatanu kajugujugu yari itwaye ibikoresho vy'amatora hafi y'igisagara ca Benghazi kiri mu buseruko.

Abategsi muri ico gisagara bavuga ko umwe mu bari muri iyo kajugujugu yapfuye. Ntawuramenya abakoze ico gitero abaribo . Ariko gishitse mu gihe icuka ari kibi cane mu buseruko bwa Libya.

Abahoze bagwanya ubutetegetsi bwa Kadafi bamaze kwugara nibura ibibanza bitatu bicamwo ibitoro bishoka hanze bakaba basaba abanyagihugu kutitaba ayo matora.

Bafise ubwoba ko iyo ntara yuzuye ibitoro ishobora kutaronka intebe zihagije mu nama nshingamateka nshasha ya Libya ariyo izoba ijejwe kugena leta mfatakibanza.