Abazize ihonyabwoko muri Srebrenica bashinguwe

Serebrenica Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abajejwe gutunganya irimbi, bariko batondeka amasandugu y'abagera ku 610 bishwe n'abasirikare b'aba serbe batowe kuwa mu kinogo kitari kizwi, kuwa 10/07/2012

Harashize imyaka 17, abasirikare b'aba Serbe muri Bosnia batsembatsenvye aba islam barenga 7000 b'abagabo n'abahungu mu bice bitandukanye vy'umuji wa Srebrenica.

Abenshi mu bagiye mu maziko y'abo baherutse gutorwa mu ruhafu rusangi rutari ruzwi, n'incuti z'abazize iyo jenoside.

Babiri mu bari indongozi z'aba Serbe bo muri Bosnia, Radovan Karadic na Ratko Mladic, ubu bari imbere ya sentare mpuzamakungu y'iLa Haye kuburanishwa kur'ubwo bwicanyi bahakana.